Lettre d'un sage aux Nziraguhemuka

27-03-2008


Bujumbura, le 22 mars 2008
NAHAYO Firmato




Impamvu : Kugarura akenge Ku Nziraguhemuka (bose)



Nziraguhemuka mwese,

Niyumvisemwo inyosha nziza imbwirije kubaha impanuro mvamutima kuko muri abavukanyi banje mu mugambwe Sahwanya-FRODEBU.

Uwo wese yumva yarambiwe no kuguma yitwa « Inziraguhemuka », uwo wese yumva ko yaduhiwe n’ukwama akiriza igipfunsi, aririmba, ahanura abandi ngo « Ntibabe ba Mpemukendamuke », ntiyirirwe aravuga menshi asesa akabanga yanyoye mu kubiheba. Vyiza yobanza agakubita agatima mpembero yibuke aho umugambwe wamukuye naho umushikanye maze abizibukire atiriwe ariteranya kuri abo bose bafatanije urugendo mu nzira ya Demokarasi, abakiriho n’abatakiriho duhereye kuri Nyenicubahiro Umuhisi Melikiyoro NDADAYE.

Ico maze kunegura rero ni bene uko umuntu agenda abanje kwiyamamura haba mu nsamirizi canke ku mboneshakure, artyoza umugambwe, asimbisha abandi umutima. Uwo bitarashikira ndamusavye ndamwinginga ngo aze avyirinde, yoye kurondera kwikoresha amakosa y’inyendamuvano, ahubwo agarure akenge, yiyonjorore neza maze abone kuguma yijandajandira yihaya umugambwe ku vyiza wamuhunze, agumane abagenzi, ahimbe ahishe.

Ku bakuru barongoye inzego z’umugambwe nabo nobasaba kutaguma bahambirira amazi mu rukangaga kuko akanse umuganga ntigasibira i kuzimu, ngo inkware itora mw’itongo agatima kari mw’ishamba. Burya umuntu yamaze kwiyumvira kwigira n’aho worara urahomahoma gute ntakivamwo kuko aba yagiye. Vyiza rero mwomworohereza akikurira meza abishoboye akishingira umugambwe wiwe ata ngwano irinze kuba.

Ni mugire amahoro n’agateka ka muntu kuri bose.




NAHAYO Firmato

La Rédaction